Verse 1
Ba bakobga cumi biteguye
Kujya gusanganira wa mukwe
bari bajyany' amatara yabo,
Ngw abamurikire mu mwijima
Abatanu bar' abanyabgenge,
Bujuj' amavuta mu mperezo,
Nahw abandi batanu b' abapfu
mu mperezo zabo hari humye
Verse 2
Hanyuma yah' umukw' aratinda
Nuko bose barahunikira
Bigeze mu gihe cy' igicuku,
Habah' urusaku bat' araje!
Bumvv' irindi jwi rivuga riti:
Mwihute kumusanganira
Ba bakobga bose bitegura
Gutunganya ya matara yabo
Verse 3
Ba bapfu btangira kuvuga
bati Kw amatara yac' ataka!
Bati: Nyamuneka, nshuti zacu,
Nimuduhe ku mavuta yanyu
Na bo bati: Ntabgo yadukwira,
Nimugende mujye kwigurira
Bafat' inzir' ubgo baragenda
Bajya gushak' aho bagurira
Verse 4
Uwo mwanya bamaze kuv' aho,
Umukw' aherakw arasohora
Ba bakobga bar' abanyabgenge
Binjirana n' umukwe mu bukwe
Ba bapfu baza bavuga bati:
Data-buja we, dukingurire
arabasubiz' ati: Simbazi.
aherakw arabakingirana
Verse 5
Nta bgo tuz' umubsi cyangw' igihe,
Tube maso n' amatara yacu
Yes' ashobora kutwuzuriza
Amavuta mu mitima yacu
Mwene Data, wumv' izi nyigisho
Zituruka k' Umukiza wacu
Ukwiriye kwitegura
kumusanganir' ubg' agaruka