Ba bakobga cumi biteguye

Agakiza 67

Verse 1
Ba bakobga cumi biteguye Kujya gusanganira wa mukwe bari bajyany' amatara yabo, Ngw abamurikire mu mwijima Abatanu bar' abanyabgenge, Bujuj' amavuta mu mperezo, Nahw abandi batanu b' abapfu mu mperezo zabo hari humye
Verse 2
Hanyuma yah' umukw' aratinda Nuko bose barahunikira Bigeze mu gihe cy' igicuku, Habah' urusaku bat' araje! Bumvv' irindi jwi rivuga riti: Mwihute kumusanganira Ba bakobga bose bitegura Gutunganya ya matara yabo
Verse 3
Ba bapfu btangira kuvuga bati Kw amatara yac' ataka! Bati: Nyamuneka, nshuti zacu, Nimuduhe ku mavuta yanyu Na bo bati: Ntabgo yadukwira, Nimugende mujye kwigurira Bafat' inzir' ubgo baragenda Bajya gushak' aho bagurira
Verse 4
Uwo mwanya bamaze kuv' aho, Umukw' aherakw arasohora Ba bakobga bar' abanyabgenge Binjirana n' umukwe mu bukwe Ba bapfu baza bavuga bati: Data-buja we, dukingurire arabasubiz' ati: Simbazi. aherakw arabakingirana
Verse 5
Nta bgo tuz' umubsi cyangw' igihe, Tube maso n' amatara yacu Yes' ashobora kutwuzuriza Amavuta mu mitima yacu Mwene Data, wumv' izi nyigisho Zituruka k' Umukiza wacu Ukwiriye kwitegura kumusanganir' ubg' agaruka