"Muze mwese, muz' aho ndi"

Gushimisha 344

Verse 1
Muze mwese, muz' aho ndi, Abananiwe! Yesu ni kw' ahamagara Abo mw isi
Verse 2
Si wow' umushak' ahubwo Ni W' ugushaka! We kwirirwa witunganya: Uz' uk' uri
Verse 3
Dor' ahagaze ku rugi Arakomanga Ahamaz' iminsi myinshi: Mwinjiz' ubu!
Verse 4
Ngwin' ureb' iby' Umukiza Agukorera; Aribugukiz' indwara Z' umutima
Verse 5
Ntutsinzwe se n' urubanza Rw' ibyaha byawe? Rek' akubabarir' ibyo Byaha byose!
Verse 6
Yesu kw ar' umunyebambe Umwangiy' iki? Ko byatuma yigirayo, Ababaye?
Verse 7
Amaganya yawe yose N' imibabaro, None byos' abiguture, Uruhuke!