Verse 1
Muze mwese, muz' aho ndi,
Abananiwe!
Yesu ni kw' ahamagara
Abo mw isi
Verse 2
Si wow' umushak' ahubwo
Ni W' ugushaka!
We kwirirwa witunganya:
Uz' uk' uri
Verse 3
Dor' ahagaze ku rugi
Arakomanga
Ahamaz' iminsi myinshi:
Mwinjiz' ubu!
Verse 4
Ngwin' ureb' iby' Umukiza
Agukorera;
Aribugukiz' indwara
Z' umutima
Verse 5
Ntutsinzwe se n' urubanza
Rw' ibyaha byawe?
Rek' akubabarir' ibyo
Byaha byose!
Verse 6
Yesu kw ar' umunyebambe
Umwangiy' iki?
Ko byatuma yigirayo,
Ababaye?
Verse 7
Amaganya yawe yose
N' imibabaro,
None byos' abiguture,
Uruhuke!