Verse 1
Umv' iryo jwi rikwinginga:
N' irya So wo mw ijuru!
Yiriw' aguhamagara:
Umwitabe nonaha!
{Nonaha... nonaha...!
Sanga Yesu nonaha!} (2)
Verse 2
Ko wamaz' imyaka myinshi
Uzerer' uzimiye,
Mbese, ntiwaz' uyu munsi
Ni byo bigukwiriye!
Verse 3
Wabuz' amahoro mw isi;
Wuzuy' umubabaro:
Banguka, wisunge Yesu;
Ni We buruhukiro!
Verse 4
Bwira Yes' ibyaha byawe,
Na W' akubabarire
Herek' ugendane na We,
Mu nzir' ijya mw ijuru!